Media is too big
VIEW IN TELEGRAM
Documentaire sur le 1211Massacre
This media is not supported in your browser
VIEW IN TELEGRAM
Intahe y'umukozi w'iperereza kuri 1212Massacre
*Radio Umurisho*
Ikiganiro Ndondeza co ku wa 15 kigarama 2019: *Ndondeza Papy Ndayishimiye na Emmanuel Ntahomvukiye* bafashwe n'igisirikare ku wa 04 Kigarama 2015 ku Mutakura.

Ndondeza Papy Ndayishimiye na Emmanuel Ntahomvukiye
RADIO UMURISHO NA FOCODE
Fichier audio de pnininahazwe
*Radio Umurisho*
Ikiganiro kidasanzwe co ku wa 15 kigarama 2019 aho Radio Umurisho yahimbaje imyaka 3 iheze isamirana.

EMISSION SPECIALE 3 ANS ANNIVERSAIRE UMURISHO
BERNARD MUGISHA
Fichier audio de pnininahazwe
This media is not supported in your browser
VIEW IN TELEGRAM
Un souvenir de 2015 : Audifax Ndabitoreye pose des questions qui restent d'actualitรฉ.
https://m.facebook.com/story.php?story_fbid=2595948180482811&id=349706308440354
*Ku wa 4 kigarama 2015, mu gihe c'umugoroba, ibara ryaraguye ku Mutakura.* Igifyo c'abasirikare ba Camp Muzinda bari barongowe n'umuhisi Lieutenant-colonel Darius Ikurakure bashwaye amabarabara ya 8,9,10,11 na 12 ya Mutakura (mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura) bagenda barafata abantu barenga 30 bagwiriyemwo abakiri bato. Abafashwe baraboshwe, burizwa imiduga ya gisirikare, bafata ibarabara rya Bubanza, none imyaka ibaye ine atawuzi irengero ryabo. Imiryango y'ababuzwe yarahenzwe cane n'abakozi b'iperereza bagumye bayemeza ko bazi ababo aho bapfungiwe, imwe banayitangisha amafaranga menshi ariko ababo ntibigeze basubira kuboneka. Uku kwezi kwose kwa Kigarama 2019 ibiganiro vya Ndondeza biguma bigaruka ku babuzwe ico gihe. Hari abo twashoboye kumenya mu bazimiye n'abandi batari bake tukirondera imyidondoro yabo.
Epipode Ngabirano yari umunyeshure muri Kaminuza y'inderabigisha ENS mu mwaka wa mbere. Muri politike yari icegera c'umukuru w'urwaruka rw'umugambwe MSD muri zone Kazirabagani ya komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba. Ku mugoroba w'uwa 4 kigarama 2015 yari avuye kw'ishure arataha aho yaba kurya 11 ku Mutakura. Haciye akanya asohoka hanze kugura ikaramu, hirya gato abona imbonerakure azi y'i Nyanza-Lac iguma kw'itelefone aratangara, anayereka bamwe mubo bari kumwe. Ako kanya haza imodoka y'iperereza, ihitana ya mbonerakure, ishikiye Epipode irahagarara baramuyora bamuterera muri ya modoka baragenda. Kuva ico gihe nta kayambu ka Epipode Ngabirano. Epipode yagiye afise imyaka 21 y'amavuka.
Uwo mugoroba nyene, abasore babiri, Cassien Mvuyekure na Elvis Nkundwa, bari bavuye mu bikorwa vy'umuhari w'aba SCOUT mu Ngagara. Baraheza barajana ku rupangu Elvis yabako kw'ibara ry'icumi ku Mutakura, barasohoka bicara gato ku kabare kari imbere yaho kw'izero ryo kw'ibarabara ry'icenda aho bita "Kwa Isaac". Aho bahasanze abandi basore batari bake bariko bivuna akanyota, bikavurwa ko hari umwigeme yari yabatumiye kubasorera ntibamenya ko ari umutego. Aho "Kwa Isaac" niho abatari bake bahavuye bafatirwa uwo mugoroba nyene n'abasirikare ba Darius Ikurakure. Elvis na Cassien nabo bafatwa mu bandi. Kuva ico gihe ntawurasubira kubakubita ijisho. Cassien Mvuyekure yagiye afise imyaka 30 y'amavuka, Elvis Nkundwa nawe 29.
Uwo mugoroba kandi, abanywanyi babiri ba FNL ishami rya Agathon Rwasa, Papy Ndayishimiye na Emmanuel Ntahomvukiye, barafatiwe kw'ibarabara rya 12 ku Mutakura mu gihe bariko barataha iwabo muri karitiye Bukirasazi ya kabiri muri zone Kinama. Nabo nyene bafashwe n'abasirikare ba Darius Ikurakure, kuva ico gihe ntawuzi irengero ryabo. Papy Ndayishimiye yajanye imyaka 25 y'amavuka asiga ikibondo kimwe, Emmanuel Ntahomvukiye nawe imyaka 26 n'ikibondo kimwe nyene.
Kw'ibarabara ry'umunani, ibikorwa vyo gufata abantu vyarongowe na Darius Ikurakure ubwiwe, aho yifatiye abasore babiri barimwo umutaximan yitwa Thierry Nijimbere batazira Tiger (Taรฏga). Thierry yari umunywanyi wa MSD. Amaze kubafata abajana hamwe ku kabare "Kwa Isaac" basanga abandi benshi bari bamaze gufatwa barabohwa imizana. Haciye akanya niho harengana umuhungu Albert Nduwimana batazira Gaposho nawe yakunda kwiyita Alves Nduwimana. Albert yari yiga mu mwaka w'12 kw'ishure Don de Dieu ryo mu Cibitoke akaba na kimyozi muri salon de coiffure kw'ibarabara ry'umunani. Ageze kuri ya zรฉro yo kury'icenda rya Mutakura "Kwa Isaac" ahagarikwa n'abasoda ba Darius Ikurakure baca bamushira mu bandi bamaze gufatwa. Thierry na Albert ntibarasubira kuboneka. Thierry Nijimbere yagiye afise imyaka 29 y'amavuka, Albert Nduwimana nawe 17 gusa. Albert niwe muto cane mu bantu bose Ndondeza imaze gukorako amatohoza.
Hari n'abandi benshi tutarashobora kuronka imyidondoro tukipfuza ko ababazi bodufasha. *Abo tukirondera imyidondoro ni aba bakurikira:*
*1. Lรฉonidas Ngendakuriyo batazira "Leo" yadandaza mw'ibutike iri kury'icenda rya Mutakura*, imbere y'ikirabo "Kwa Isaac". Lรฉonidas yava mu ntara ya Makamba akaba no mw'ishirahamwe ry'abadandaza b'abanyamakamba ngaho ku Mutakura. Dusavye uwomumenya ko y

oduha umwidondoro wiwe.
*2. Donatien Mutoniwabo yahoze ari umusirikare* gushika muri 2012. Yavuka ku musozi Muyabara wa komine Mubimbi mu ntara ya Bujumbura rural; umuhungu wa Tumagu. Turasavye uwumuzi ko yodufasha umwidondoro wiwe.
3. Hari umusore muremure mutomuto yirabura yitwa *Elia batazira " Sรฉnรฉgalais"* yari azwi cane aho ku Mutakura be n'uwitwa *Didier yaba kw'ibarabara rya 12*. Abo bose bafashwe uwo mugoroba ariko nta myidondoro yabo dufise.
*4. Abigeme babiri : Terawume yadandaza amakara ku Mutakura na Louisa yakora akazi ko mu nzu*. Nabo boba bafashwe uwo mugoroba ariko twarabuze umwidondoro wabo.
5. Hari kandi abasore babiri bava ku Mubanga muri komine Ruhororo: *Rรฉmy Manirambona batazira "Mahwinya" na Osias batazira "Busubuyi"* nabo bivugwa ko bafashwe uwo mugoroba ariko tukaba tutagira umwidondoro wabo.
*Uwomenya abo tuvuze n'uwundi wese yoba yafashwe uwo mugoroba yotwandikira muri Ndondeza kuri Whatsapp +31645625857 tugafashanya kubarondeza.*
Hari ibintu bibaje cane. Thierry Nijembere yari yabuze abavyeyi agifise imyaka indwi gusa, aho batemaguwe muri komine Bukirasazi mu ntara ya Gitega mu 1993. Kumbure Darius Ikurakure nawe yari impfuvyi yo mu 1972 aho abiwe bashobora kuba barafashwe bakaburwa irengero. None ehe impfuvyi yo mu 1972 ishobora kuba yahitanye impfuvyi yo mu 1993 irayifata iburwa irengero. Birababaje ukuntu abagiriwe nabi mu makuba Uburundi bwaciyemwo babandanya gusubiramwo ivyabababaje nabo, ku mbure mu nzira yo kwihora, aho bose bofatanye mu nda bakabariza hamwe ukuri ku vyashitse bibi vya kahise kacu. Ikindi kibabaje, umwe yanyurujwe muri kigarama muri 2015, uwundi agandagurwa muri ntwarante 2016, maze za mpfuvyi zose zisubira guhitanwa n'akaranda k'ibibazo vy'Uburundi bidahera ahubwo biguma vyisubiriza.
Ibiganiro vy'ababuzwe ku wa 4 kigarama 2015 turabandanya kubicisha kuri Radio Umurisho gushika uku kwezi kurangire.

Ikiganiro "Ugona iki" co ku wa 22 kigarama 2019 abatumire batubwiye ico biyumvira k'ubukene bwโamahera yโagaciro mu Burundi, nโingaruka zabwo kโubutunzi bwโigihugu.
Abatumire: Faustin Ndikumana na Donatien Bihute

IKIGANIRO KUBIBAZO VY'AMAHERA Y'IGICIRO MU BURUNDI
ARCADE HAVYARIMANA
Fichier audio de pnininahazwe
*Radio Umurisho*
Ikiganiro Ndondeza *(Rediffusion)* co ku wa 15 kigarama 2019: *Ndondeza Papy Ndayishimiye na Emmanuel Ntahomvukiye* bafashwe n'igisirikare ku wa 04 Kigarama 2015 ku Mutakura.
Ikiganiro Ndondeza *(Rediffusion)* co ku wa 15 kigarama 2019: *Ndondeza Papy Ndayishimiye na Emmanuel Ntahomvukiye* bafashwe n'igisirikare ku wa 04 Kigarama 2015 ku Mutakura.
Ndondeza Papy Ndayishimiye na Emmanuel Ntahomvukiye
RADIO UMURISHO NA FOCODE
Fichier audio de pnininahazwe
Media is too big
VIEW IN TELEGRAM
Ibi bintu vyo kuvanga politike y'amacenga n'ijambo ry'Imana birakwiye guhagarara !
This media is not supported in your browser
VIEW IN TELEGRAM
Noheli nziza kuri mwese mukurikira runo rubuga.
https://m.facebook.com/story.php?story_fbid=2613759375368358&id=349706308440354
Vital Niyonkuru, Jean-Marie Vianney Mbonimpa, Jean-Baptiste Barantandikiye na bagenzi babo bane bahoze barwana muri FNL imbere y'ukwinjira mu ngabo z'igihugu. Igihe binjira mu rugamba rwa FNL, bamwe barahejeje amashure yisumbuye, abandi baza bageze muri Kaminuza. Ayo mashure yabo yari kubatuma bashika bahabwa amapete y'intwazangabo mu ntwaramiheto. Ariko kubera akarenganyo gakorekwa abahoze muri FNL, binjijwe nk'abasoda bato cane, mukuru muri bo yari 1er Sergent Vital Niyonkuru, abandi bo ntibari bwashikire n'ipete rya caporal. Bose uko ari ndwi bari bafashe umugambi wo kubangikanya igisoda no kwiga za kaminuza. Amashure ntibashoboye kuyabandanya kuko ku wa 29 kigarama 2015, bose baranyurujwe n'iperereza bakuwe mu bice bitandukanye i Bujumbura n'i Gitega. Amakuru Isekeza Ndondeza rifise nuko bari bajanywe mu gikorwa kidasanzwe co gufata Moรฏse Bucumi yahoze ari umushikiranganji n'umushingamateka wa CNDD-FDD, yanabaye Bulamatari wa Ruyigi, ico gihe akaba yari yahungiye mu gihugu ca Tanzania. Ico gikorwa kidasanzwe co kumufata coba cari kirongowe na Major Thaddรฉe Butumagu agendenanira Petero Nkurunziza (garde du corps de Nkurunziza). Kuva bafashwe n'iperereza ntibarigera basubira kuboneka. Focode yarashoboye gukora imyidondoro ikwiye ya Vital Niyonkuru na Jean-Marie Vianney Mbonimpa. Abashobora kuba bazi neza Jean-Baptiste Barantandikiye be n'abandi bane bafashwe uwo musi botwandikira ku numรฉro ya WhatsApp +31645625857. (Inkuru irambuye muyironka mu gifaransa ๐๐๐ https://ndondeza.org/vital-niyonkuru-et-jean-marie-vianney-mbonimpa/).
Kuri uwo wa 29 kigarama nyene, abasirikare barongowe n'umuhisi Lieutenant-colonel Darius Ikurakure barafatiye mu Rubirizi (muri komine Mutimbuzi) umupfasoni Christa Bรฉnigne Irakoze be n'uwahoze mu gisirikare c'Uburundi Capitaine Eddy Ndayisaba (bamwe bitirira sekuru Ndabaneze). Imbere yo gufatwa, Christa Bรฉnigne yaronse iterefone y'umuntu yamuhaye isango ngo bahurire mu Ruburizi, niko guca mu gisagara ca Bujumbura ahitana Eddy baciye bagenda bajanye. Mu Rubirizi basanze basanze barindiriwe n'abasirikare, barabafata, bajana n'imodoko yabo, babatwara mw'iperereza. Kuva ico gihe ntibarasubira kuboneka, imodoka ya Christa Bรฉnigne Irakoze yaciwe yiganzirwa n'umukozi n'iperereza Bonaventure Niyonkuru, nayo inzu ya Eddy Ndayisaba iri mu Kinyankonge bayihindura ikirindiro c'abasirikare. Christa Bรฉnigne Irakoze yari umukenyezi w'inkerebutsi, yari arongoye abakenyezi b'umugambwe FRODEBU mu ntara ya Bujumbura akaba kandi yariyamirije rwose ikiringo ca gatatu Petero Nkurunziza yihagiye ku gikenye. (Inkuru irambuye muyironka mu gifaransa ๐๐๐ https://ndondeza.org/la-disparition-et-lexecution-de-madame-christa-benigne-irakoze-et-de-monsieur-eddy-claude-ndabaneze/).
Kuri uwo wa 29 kigarama 2015 nyene, ku murwamukuru w'intara ya Gitega, harahagaritswe abagabo batatu :
- Alexis Nihorimbere, igisongerezi mu ntwaramiheto yakorera ku biro bikuru vya gisirikare i Bujumbura akaba yahoze arwana muri FNL;
- Adelin Bizimana, umupolisi yari ajajejwe ububiko ku biro vy'igipolisi i Gitega (commissariat rรฉgional de la police);
- Valentin Habiyakare yari yirukanywe mu gipolisi muri 2014 kaba yari asigaye akora akazi k'ubudandaza.
Bose uko ari batatu bafatiwe kuri parking aho i Gitega baca bajanwa n'abapolisi barongowe na Caporal Claude Nijimbere batazira Matwi, umupolisi adasanzwe ari mu bacungera Petero Nkurunziza. Bivurwa ko abafashwe boba bajanyweku kirimba ca Petero Nkurunziza i Gitega. Kuva bafashwe, imyaka ibaye ine atawuzi irengero ryabo. Akamodoka gatoya bari bafise (voiture Toyota Starlet rouge) yatowe bukeye ku kiraro ca Ruvubu yaraye ituriwe. (Inkuru irambuye muyironka mu gifaransa ๐๐๐https://ndondeza.org/alexis-nihorimbere-valentin-habiyakare-adelin-bizimana/).
Imyaka ine iraheze, abantu barenga 12 bafashwe ku musi umwe, mu bibanza bitandukanye, bafatwa n'inzego z'umutekano ntibasubira kuboneka. Imyaka ine iraheze ubutegetsi bwa Nkurunziza kandi imiryango iri mu gahinda ibaza iyo bapfungiye ababo. Birababaje.

Ikiganiro Ndondeza co ku wa 28 kigarama 2019: *Ndondeza Albert Nduwimana na Thierry Nijimbere* bafashwe n'igisirikare ku wa 04 Kigarama 2015 ku Mutakura.

Ndondeza Thierry Nijembere na Albert Nduwimana
RADIO UMURISHO NA FOCODE
Fichier audio de pnininahazwe