Burundi Bwacu ๐Ÿ‡ง๐Ÿ‡ฎ๐Ÿ‡ง๐Ÿ‡ฎ๐Ÿ‡ง๐Ÿ‡ฎ
9.54K subscribers
757 photos
274 videos
24 files
388 links
Download Telegram
FOCODE

Ikiganiro AGAHAZE co ku 03.3.2024.

Hazoseseka amaraso angana gute y'inzirakarengane kugira haboneke umuti ku kibazo c'Uburundi ?

Abatumire :
- Hon. Lรฉonce Ngendakumana
- Marie Louise Baricako
- Pacifique Nininahazwe
Kuri micro ya Gilbert Niyonkuru.
Radio Umurisho

Ikiganiro "Ndondeza" co ku wa 10 ntwarante 2024.

Ndondeza umwigisha Balthazar Ntakirutimana yanyurujwe n'iperereza ku murwa mukuru w'intara ya Bururi ku wa 24 rusama 2023.
Radio Umurisho

Ikiganiro Ndondeza co ku wa 17 ntwarante 2024.

Ndondeza Jean-Claude Ndayikengurukiye yanyurujwe n'iperereza ku murwa mukuru w'intara ya Bururi ku wa 23 rusama 2023.
This media is not supported in your browser
VIEW IN TELEGRAM
#Ibihushane muri Edeni !

๐Ÿ”ด 14.3.2024, Prezida Ndayishimiye ati :
"Jewe hari igihe mpora nibaza nti : mbe umusi igihugu kizogira zero (0) bizogenda gute ? (...) Turi ibinebwe, n'ivyo igihugu cari gifise turabinyonora, tugasabota, none umusi igihugu cageze kuri 0 Fbu, bizogenda gute ? Tuzoca duhunga twese. Tuzohungira hehe ?"

Haciye imisi ibiri gusa ...

๐Ÿ”ด 16.3.2024, Prezida Ndayishimiye ati :
"Ubu harageze rero ko natwe dutanga. Ndabona Uburundi butakigurana, butagisaba imfashanyo ahubwo aribwo butanga imfashanyo. Ndavye umuvuduko tuvuduzeko, ubu tugira dutere imbere. (...) Abarundi bose ubu baranezerewe. Umurundi atanezerewe ni wa murundi yemeye kuba umuja w'ubutegetsi bw'Urwanda, niwe wenyene ajingitwa. Barya bari imbere y'ubutegetsi bw'Urwanda nibo bonyene banjingitwa. Mpora mbona abandika ku mbuga ngurukanabumenyi, Abarundi bose bandika ni abari mu buja bwa bwa butegetsi bw'Urwanda...".

๐Ÿ”ด Ubwo imizabibu yo muri Edeni ntitanguye kutubangamira ?
Radio Umurisho

Ikiganiro "Ndondeza" co ku wa 17 ntwarante 2024.

Ndondeza Phocas Niyubuntu yanyurujwe n'iperereza ku murwa mukuru w'intara ya Bururi ku wa 23 rusama 2023.
Ikiganiro AGAHAZE ku ndyane ziri hagati y'Uburundi n'uRwanda. Kino kiganiro kiragaruka kuvyo Prezida Ndayishimiye yagirije mugenziwe w'Urwanda, be n'ivyo Prezida Kagame aherutse kumwishura. Ikiganiro kirashimika ku vyo Uburundi buriko burahomba muri aya matati.

Abatumire ni :
Athanase Karayenga
Andrรฉ Nikwigize
Pacifique Nininahazwe

Kuri micro ya Gilbert Niyonkuru

Fyonda ngaho ukurikire ico kiganiro kuri Facebook :

๐Ÿ‘‡๐Ÿ‘‡๐Ÿ‘‡

https://fb.watch/roh84DcA8w/
#AGAHAZE Kazoza ka demokarasi mu Burundi kagiye kuba gute ?

Mu kiganiro #AGAHAZE co kuri uno mugoroba, Umushingamateka Agathon Rwasa aratuyagira uko atahura ibiherutse gushikira umugambwe CNL, uko yibaza we na bagenziwe bagiye kubandanya urugamba rwa politike, na canecane mu bijanye n'amatora yimirije.

Muri ico kiganiro, Agathon Rwasa azoba ari kumwe n'umumenyeshamakuru Antoine Kaburahe arongoye Groupe de presse Iwacu, be na Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE. Ikiganiro kiremeshwa n'umumenyeshamakuru Gilbert Niyonkuru.

Fyonda ngaho ukurikire ico kiganiro : https://www.facebook.com/share/v/QF3cv8GMbCrdttiA/?mibextid=oFDknk

๐Ÿ”ด Musomyi, wewe wibaza ko Umushingamateka Agathon Rwasa n'abanywanyi biwe bokora iki kugira bitabe amatora yimirije mu gihe inzira zose ziriko zirugarwa kuri bo ?
Radio umurisho (Rediffusion)

Ikiganiro Ndondeza co ku wa 14 ndamukiza 2024.

Uyu musi twibuka imyaka 5 ihaciye Prosper Irakoze na Caporal-chef Jean-Claude Nimubona (Rwuri) babuzwe irengero kuva ku wa 14 ndamukiza 2019 i Bujumbura.

Menya neza :
1. Iki kiganiro cakozwe muri munyonyo 2019.
2. Inomero ivuzwe hano ntigikoreshwa muri Ndondeza.
Imyaka 9 irarumanye hatanguye imyiyerekano y'abanyagihugu yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Prezida Nkurunziza.

1. Woba wibuka ivyatumye haba abanyagihugu baja mw'ibarabara kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Prezida Nkurunziza kuva ku wa 26.4.2015 ?

2. Woba wibuka impamvu abandi nabo bari bashigikiye ico kiringo ?

3. Mbega ico kiringo cahavuye gikwegera iki Uburundi ? Za mpande zibiri zibibona gute inyuma y'imyaka icenda ? Uburundi bwokira gute ingaruka z'ikiringo ca gatatu ?

Bikurikire muri kino kiganiro #AGAHAZE.
Ku ruhande rw'abari bashigikiye ikiringo ca gatatu : Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL.
Ku ruhande rw'abagwanije ico kiringo : Me Dieudonnรฉ Bashirahishize na Pacifique Nininahazwe.

Baganira kuri micro ya Gilbert Niyonkuru..

Link y'ikiganiro, Fyonda ngaho: https://m.facebook.com/story.php?story_fbid=420576807261104&id=100079263647884